Uko wahagera

Igitero c'Indege z'Igisirikare ca Amerika ku Murwi wa al-Shabab


Igisirikare ca Reta ya Amerika catangaje ko cakoze igitero c’indege ku bagwanyi bo murwi w’intagondwa al-Shabab mu gihugu ca Somaliya hagati, kikicamwo indwi.

Ibiro vya gisirikare vya Reta ya Amerika muri Afrika, ejo ku musi wa kabiri, vyaratangaje ko ico gitero c’indege cabereye mu ntara ya Mudug.

Ico gitero gikozwe hari haheze imisi ibiri ibindi bitero vy’indege za gisirikare za Amerika, vyishe izindi ntagondwa 37 zo muri uyo murwi al-Shabab, ukorana n’umurwi ukora ibitero vy’iterabwoba al-Qaida. Itangazo ryashizwe ahabona n’igisirikare ca reta ya Amerika rivuga ko ata musivile yaguye muri ivyo bitero.

Muri uyu mwaka, igisirikare ca Amerika kimaze gukora ibitero vy’indege 33 ku murwi al-Shabab. Kivuga ko ivyo bitero bifise umugambi wo kugabanya ububasha bw’uyo murwi bwo gutegura ibitero hamwe no kwidegemvya mu ntara y’ibihembe rya Afrika.

Umurwi al-Shabab wama wakoze ibitero vy’amabombe ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadisho hamwe no mu bindi bisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG