Uko wahagera

Igitero c'Abakekwa Kuba Abiyitirira Idini Islamu muri Mali Cahitanye 22


Igitero cakozwe n’abikekwa kuba Abajihade cahitanye ubuzima bw’abantu 22 mu ntara yo hagati mu gihugu ca Mali. Umuvugizi w’igisirikare ca Mali yatangaje iyo nkuru, avuga ko intagondwa za kisilamu zakoze ibitero bitari bike mu gihugu hagati, ku musi wa gatatu, zikica abantu bashika 22.

Ivyo bitero ni vyo bihitanye abantu benshi mu gihugu ca Mali kuva kw’igenekerezo rya 18 ry’ukwezi kw’umunani, igihe haba itembagazwa ry’umukuru w’igihugu yatowe n’abanyagihugu.

Ico gihe abasiivile 10 barishwe inyuma y’aho imodoka ya gisiriakare barimwo igwiriye mu mutego w’abarwanyi, hagati y’igisagara ca Bandiagara n’igisagara ca Bankass.

Igisirikare ca Mali catangaje kandi ko abandi basirikare 12 baguye mu bitero bibiri bitandukanye ku musi wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG