Uko wahagera

Igitabo Kirimwo ivyo Kugwanya Ibiturire no Guteza Imbere Intwaro Ibereye Cashikirijwe mu Burundi...


Igitabo Kirimwo ivyo Kugwanya Ibiturire no Guteza Imbere Intwaro Ibereye Cashikirijwe mu Burundi...
Igitabo Kirimwo ivyo Kugwanya Ibiturire no Guteza Imbere Intwaro Ibereye Cashikirijwe mu Burundi...

Urwandiko rwaraye rushikirijwe n'umushikiranganji w'intwaro ibereye imbere y'abaserukira amashirahamwe yigenga n'abafasha Uburundi

Urwandiko rwaraye rushikirijwe n'umushikiranganji w'intwaro ibereye imbere y'abaserukira amashirahamwe yigenga n'abafasha Uburundi rushimikira mu bintu bikuru bikuru bijanye no guteza imbere demokarasi,ivya poritike,intwaro ishimisha bose,ikoreshwa ry'amatungo ya reta. Kugwanya ibiturire bihabwa ikibanza kinini mur'urwo rwandiko rugiye gushikirizwa inamanshikiranganji mu misi iri imbere itatomowe. Nk'uko umushikiranganjo abivuga urwandiko rusaba ko amategeko menshi n'itunganywa ry'inzego zimwe zimwe bihinduka.

Amashirahamwe yigenga akora mu vyo kugwanya ibiturire nka OLUCOME yakunda kunegura ko amategeko agwanya ibiturire akingira abategetsi bakuru bakuru bagenwa mu mabanga n'itegeko ry'umukuru w'igihugu(decret presidentiel),abashikiranganji,abasirikare b'amapete yo hejuru n'abacamanza. Sentare y'igihugu nta bubasha ifise bwo gukwirikirana abo bantu. Ikindi cakundwa kunegurwa n'abagwanya ibituri n'uko urwego rukuru rw'igihugu rujejwe kugendura uburyo amatungo ya reta akoreshwa rumaze gushikiriza raporo atabubasha buba bufise bwo gukurikirana ibijanye na dosiye bakoze.

Urwandiko rutanga intumbero yo guteza imbere intwaro ibereye no kugwanya ibiturire mu bisata vyose rushobora gutanga inzira ku bipfuza guhindura ibwirizwa nshingiro kubera iki canke kiriya. Akarorero ibwirizwa nshingiro riravuga ko atahukumirwa ku mvo izo arizo zose ariko kandi riravuga ko mu buzi bwinshi,mu nzego no mu mu migwi myinshi ishingwa urugero rw'ibice mirongo itandatu kw'ijana vy'abahutu na mirongo ine kw'ijana vy'abatutsi bitegerzwa kubahirizwa. uretse ukunganisha abantu hisunzwe ubwoko haravugwa n'intara. Ivyo vyaratumye abana b'abatutsi bava mu ntara ya Bururi babaye mubambere bakwa ibibanza bigahabwa abaronse amanota y'inyuma.

Kuva mu mwaka w'i 2005 prezida Petero Nkurunziza akija k'ubutegetsi, reta arongoye ntiyahengeshanije kuvuga ko igiye guharanira intwarao ibereye no guhagurukira igikorwa co kugwanya ibiturire ariko nta rwandiko rwerekana neza ibikorwa mu bisata vyose mur'iyo ntumbero rwari bwasohoke.

XS
SM
MD
LG