Uko wahagera

Igisirikare muri Nijeriya Catabaye 54 Bari mu Minwe ya Boko Haram


Zimwe mu ngabo za Nijeriya

Igisirikare c’igihugu ca Nijeriya gitangaza ko catabaye abapfasoni n’abana 54 bari mu minwe y’umurwi w’intagondwa z’abayislamu, Boko Haram.

Itangazo ryasohowe uno musi ku wa mbere n’umuvugizi w’igisirikare ca Reta, Sagir Musa rimenyesha ko inteko za Reta zatabaye abo bapfasoni n’abana mu gikorwa ca gisirikare cabereye mu ntara ya Borno mu mpera z’indwi irangiye.

Sagir Mussa avuga ko abatabawe ari abapfasoni 29 n’abana 25.

Amenyesha ko abarwanyi b’umurwi Boko Haram bahunze imihana barimwo imbere yuko abasirikare ba Reta bahashika.

Umurwi Boko Haram kenshi uranyuruza abapfasoni n’abana. Watanguye umugumuko wawo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Muri iki gihe uwo murwi ukaba watandukiye ibihugu bibanyi vya Nijeriya arivyo Chad, Kameruni na Niger.

Mu mwaka w’i 2014 abigeme 276 baranyurujwe na Boko Haram kw’ishule ya Reta bigako ahitwa Chibok.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG