Uko wahagera

Igisirikare muri Nijeri Cigamba ko Cishe Abarwanyi ba Boko Haram 50


Igihugu ca Nijeri catangaje ko abasirikare baco bishe abagwanyi 50 bo mu murwi w’intagondwa za Boko Haram. Ni inyuma y'igitero uwo murwi wagavye ku munsi wa Mungu ku kirindiro c'intwazangabo giherereye mu buseruko bw'ico gihugu.

Reta ya Nijeri yasiguye ko ari igitero cagabwe hakoreshejwe indege z’ingwano hamwe n’abasirikare bagwanira ku butaka mu kwivuna abansi. Hambavu y'abapfuye, Reta yigamvye ko basambaguye imodoka z'abo barwanyi.

Umusirikare umwe ni we Reta ivuga ko yakomeretse ku ruhande rwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG