Uko wahagera

Igisirikare ca Zimbabwe Kizokwigenza Gute mu Matora?


Generari Constantino Chiwenga mu birori vyo kurahiza perezida Mnangagwa mu kwa cumi na rimwe mu 2017.
Generari Constantino Chiwenga mu birori vyo kurahiza perezida Mnangagwa mu kwa cumi na rimwe mu 2017.

Igisirikare ca Zimbabwe camirira kure ivyagiriji vy'abatavuga rumwe na Reta bemeza ko kiriko gifasha perezida Emmerson Mnangagwa n'umugambwe wiwe, ZANU PF, kwiyamamariza amatora ategekanijwe kw'igenekerezo rya 30 kuno kwezi.

Umuvugizi w’ibiro bikuru vya gisirikare colonel Overson Mugwisi, yatangaje ko ata ruhara na rumwe igisirikare ca Zimbabwe kiriko kigira mu matora yimirije.

Yamenyesheje ko batangajwe n’amakuru y’ibinyoma yemeza kw’inteko zijejwe kwivuna umwansi za Zimbabwe zizokoreshwa n’umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF mu ntumbero y’ukwiba amatora.

Itangazamakuru rivugira abatavuga rumwe na Reta ryagirije igisirikare ca Reta ko carungitse inteko mu ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu kugira ziremere abatora.

Perezida Emmerson Mnangagwa abonwako acuditse cane n’igisirikare ca Reta.

Yamara umuvugizi w’ibiro bikuru vy’igisirikare, Overson Mugwisi, avuga ko uruhara rw’igisirikare ari ugufasha igipolisi kwubahiriza amategeko n’umutekano, imbere n’inyuma y’amatora.

Avuga ko inyifato y’igisirikare inyuma y’amatora izokwisunga ibwirizwa shingiro.

Perezida Mnangagwa niwe ahabwa amahirwe menshi yo gutsinda amatora kubera ata bumwe buhari hagati y’abatavuga rumwe na Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG