Uko wahagera

Igisasu ca Bombe Catezwe ku Kiraro muri Nijeriya Cahitanye 30


Abantu 30 barapfuye ejo ku musi wa mbere mu ntara ya Borno iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya. Ni inyuma yuko bombe iturikiye ku kiraro.

Iyo bombe yaturikiye ku kiraro cariko abantu benshi mu gisagara kirimwo isoko ca Gamboru.

Ababonye ivyabaye bavuga ko abantu barenga 35 bakomeretse bajanywe mu bitaro biri hafi y’aho iyo bombe yaturikiye.

Bavuga ko bumvise ibintu biturika n’urwamo rwinshi nka bombe imbere yuko babona abantu mu bagenzi babo bapfuye.

Vyari bitegekanijwe ko umuvugizi w’igisirikare ca Nijeriya agira ico avuze ku vyabaye ku muhingamo wo ku musi wa mbere.

Nta murwi n'umwe uriyitirira ico gitero. Gusa, Boko Haram akatari gake yaragavye igitero muri ako karere kagabwemwo ico kuri uno wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG