Uko wahagera

Igisagara co muri Canada Cafuse Amasezerano Cagiranye n'Uburundi


Charles Makaza, ABC, Canada

Kuri uno wa mbere abari mu nzego nyobozi z’igisagara ca Mont-Saint-Hilaire kiri mu ntara ya Quebec muri Canada barafuse amasezerano umuyobozi w’ico gisagara, Yves Corriveau, yari yasinyiraniye n’Uburundi.

Itangazo ryashizwe ahabona n’urwego nyobozi rw’ico gisagara ryavuze ko ayo masezerano basanze yarimwo “udutotsi kandi atari na ngombwa”.

Ishirahamwe Alliance des Burundais du Canada, ABC, rihurikiyemwo Abarundi baba muri Canada barashima iyo ngingo.

Mu kiganiro Charles Makaza avugira ABC yagiranye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Washington,DC, Diane Nininahazwe, yasiguye ko iryo shirahamwe ritari rishigikiye ayo masezerano kuko kuyasinya nk'igihugu ca Canada cubahiriza agateka ka zina muntu vyaba ari nko kwiyobagiza ibibazo Uburundi burimwo no gushigikira abo vyegekwako.

Igitutu c'Abarundi Baba muri Canada Catumye Canada Ifuta Amasezerano Hagati Yayo n'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG