Uko wahagera

Afuganistani: Igisagara ca Kunduz Catewe n'aba Talibani


Igisirikare ca Reta ya Afuganistani
Igisirikare ca Reta ya Afuganistani

Muri Afuganistani havugwa abagwanyi b’aba talibani bashobora kuba bashwaye mu gisagara gikomeye ca Kunduz, inyuma yo guhangana n’abajejwe umutekano aho bagerageje gukingira ibiro vy’igipolisi ku gwego gw’intara hamwe n’ibiro vy’uwusanzwe atwara intara ya Kunduz.

Mugihe umuvugizi w’umugwi w’aba talibani amenyesha ko baza bashinze ibendera ryabo hagati mur’ico gisagara, inyuma y’aho abasirikare ba Reta batesherejwe bagata, abategetsi b’intara ya Kunduz bobo bamenyesha ko abasirikare b’Igihugu aribo nubu baramutswa ico gisagara, kandi ko batarota bakivamwo.

Umugwi ujejwe umutekano w’abamyenyeshamakuru wateye akamo imigwi yose iriko iragwana, ko yokora ibishoboka kugira ikingire ubuzima bw’abamenyeshamakuru basanzwe bakorera aho mu gisagara ca Kunduz.

XS
SM
MD
LG