Kenya itangaza ko igisagara ca Karume mu gihugu c’Ubuyapani cakuye akarenge mu vyerekeye kuba ikibanza c’ukwimenyerezamwo ku banonotsi b’abanyakenya imbere y’inkino mpuzamakungu za Olempike zitegekanijwe kubera muri ico gihugu.
Ico gisagara cafashe iyo ngingo bifatiye ku mpungenge zijanye n’ikiza ca Covid-19. Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa gatatu n’umurwi ujejwe inkino za Olempike muri Kenya.
Kibaye kimwe mu bindi bisagara bitari bike bimaze kwanka kwakira abanonotsi bo mu mahanga kugira bavyimenyerezemwo imbere y’inkino mpuzamakungu za Olempike zizobera mu Buyapani mu kiringo kiri musi y’indwi umunani. Ibisagara birenga ijana vyakuye akarenge mu migambi yavyo yo kwakira abanonotsi bavuye mu mahanga. Ikiza ca Covid-19 carageramiye imyiteguro y’izo nkino.
Abategetsi bajejwe inkino za Olempike muri Kenya batangaza ko abategetsi b’igisagara ca Karume bababwiye ivyerekeye kutaba bacakiye abanonotsi babo ku musi wa kabiri. Bamenyesheje ko ubwandu bw’umugera wa Covid-19, bwanduye mu buryo bwihuta muri ico gisagara kuva hagati mu kwezi kwa kane.
Kenya yari yateye igikumu ku masezerano yo kumenyereza abanonotsi bayo mu gisagara ca Karume mu kiringo c’imisi 12. Vyari bitegekanijwe ko abo banonotsi baza muri ico gisagara kw’italiki 7 y’ukwezi kw’indwi. Kenya kiriko kirondera ubundi buryo bw’ugutuma abanonotsi baco bitegura neza imbere y’uko inkino zitangura.
Facebook Forum