Uko wahagera

Igikombe c’Isi Yose Kiratangura mu Burusiya


Abakunzi b'umupira bariko bafata amafoto imbere y'uko urukino rutangura
Abakunzi b'umupira bariko bafata amafoto imbere y'uko urukino rutangura

Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’uyu mwaka w’i 2018 kiratangura kuri uno kane mu gihugu c’Uburusiya.

Uburusiya bwakira ico gikombe buza guhura na Arabiya Saudite.

Urwo rukino ruza kubera mu kibuga c’umupira w’amaguru ca Luzhniki ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin araza kurorera ibirori vy’ukwugurura igikombe c’isi yose c’uyu mwaka mu gihugu ciwe.

Uburusiya bwakoresheje imiliyarido 13 y’amadolari kugira cakire igikombe c’isi yose. Inkino z’ico gikonbe zizobera mu bisagara 11.

Urukino rwa nyuma rw’iki gikombe c’isi yose ruzoba kw’italiki 15 z’ukwezi kw’indwi.

Ibihugu vay Brezil, Ubufransa, Espanye na Argentina n’Ubudagi buheruka, bwatsindiye igikombe c’isi yose giheruka mu mwaka w’i 2014 mu gihugu ca Brezil, biri mu bihugu bibonwa ko arivyo bifise amahirwe menshi y’ugutsinda igikombe c’isi yose c’uyu mwaka. Imirwi nserukiragihugu 32 ariyo izohiganwa muri iki gikombe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG