Uko wahagera

Igihuhusi Dorian Gisinzikaje Izinga rya Bamahas


Igihuhusi Dorian kinyuze mw'izinga rya Grand Bahama, Bahamas
Igihuhusi Dorian kinyuze mw'izinga rya Grand Bahama, Bahamas

Igihuhusi Dorian cabandanije gusinzikaza Grand Bamaha, rimwe mu mazinga ya Bahamas uno musi kuwa kabiri. Ni mu gihe ico gihuhusi gikomeye catanguye gutera cegereza ubutaka bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Reta ya Florida iri mu bumanuko bw’igihugu. N’aho ico gihuhusi kivurwa ko cagabanije inguvu zaco mu kuva ku rugero rwa 5 kikamanuka ku rugero rwa 2, kiracafise inguvu zishobora kwonona ibitari bike.

Abahinga mu vyerekeye ibirere bavuga ko igihuhusi Dorian kigifise inguvu zikomeye mu gihe kiriko gitera kigana ibice biri ku nkengera z’amazi vyo muri Reta ya Florida. Ico gihuhusi kiriko gitera kija muri iyo Reta n’umuvuduko w’ibilometero ijana na mirongo ine kw’isaha.

Yamara abahinga mu bijanye n’ibihe bavuga ko ico gihuhusi gishobora kwihuta kurusha ngaho mu masaha yo mu mpera z’uyu musi ku wa kabiri. Ni imbere y’uko gitera kija mu buraruko ku nkengera z’ibice vyo mu buseruko bw’Amerika mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu.

Mu mazinga ya Bahamas, aho igihuhusi Dorian cashitse ku musi w’Imana kikahaguma gushika uno musi ku wa kabiri, bivugwa ko casambuye amazu ibihumbi n’ibihumbi.

Umushikiranganji wa mbere w’ayo mazinga, Hubert Minnis, avuga ko ibice vyo mu buraruko bwayo vyasinzikaye bikomeye mu buryo bitari bwabe imbere yaho.

Abantu batanu nibo bimaze kwemezwa icese ko basize ubuzima muri ico gihuhusi mu gice c’amazinga ya Bahamas citwa Abaco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG