Uko wahagera

Igihuhusi Belna Cahitanye Abantu Muri Madagascar


Ikarita ya Madagascar
Ikarita ya Madagascar

Igihuhusi Belna cabaye mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ca Madagascar cahitanye abantu babiri, abandi batatu irengero ryabo ntirizwi.

Ico gihuhusi catumye abantu 1,400 batagira aho bakika umusaya mu gisagara ca Soalala kiri ku nkengera z’ibihari Indiyana. Amazu y’abo bantu yarasambuwe n’ico gihuhusi, ayandi arononekara canke arengerwa n’amazi.

Amakuru yari yatangajwe imbere yaho yuko abantu icenda bari bahasize ubuzima avurwa ko atari ay’ukuri.

Abavuye mu zabo bakiwe vy’agateganyo mu mashule, imisigiti no mu nyubakwa za Reta. Yamara bavuga ko bakeneye ibifungurwa.

Inyubakwa zitari nke za Reta n’amabarabara navyo nyene vyononekaye.

Imfashanyo zihutirwa z’ibifungurwa zizotangwa mu gisagara ca Soalala zicishijwe mu mazi.

Vyari vyitezwe ko umushikiranganji wa mbere wa Madagascar, Christian Ntsay agenda n’indege mu gisagara ca Soalala kwirabira ivyononekaye.

Igihuhusi Belna kiriko gitera kija mu bumanuko bwa Madagascar mu gihe inguvu zaco ziriko zitera zigabanauka.

Imvura y’isegenya n’imiyaga ikomeye biritezwe gushika ku musi wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG