Uko wahagera

Igihuhusi Dorian Cagabanije Inguvu


Igihuhusi Dorian cagabanije inguvu uno musi ku wa gatanu. Ico gihuhusi kiri ku rugero rwa mbere muri iki gihe. Ico gihuhusi catumye haba imiyaga ikomeye cane n’imyuzure mu mabarabara mu ma Reta ya Carolina yo mu buraruko na Carolina yo mu bumanuko.

Mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, igihuhusi Dorian cari kigeze mu gisagara ca Cape Hatteras, muri Reta ya Carolina yo mu buraruko mu gihe kibandanya gutera kidugana ibice biri ku nkengera z’ibahari vyo mu buseruko bwa Reta zunze ubumwe z'Amerika n’imiyaga y’umuvuduko w’ibilometero 150 kw’isaha.

Ikigo gikwirikirana ibirere co muri Amerika, catangaje mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu ko igihuhusi Dorian kiza guca hafi canke ku butaka bw’ibice vya Reta ya Carolina yo mu buraruko biri ku nkengera z’ibahari mu masaha makeyi ari imbere.

Vyitezwe ko igihuhusi Dorian gituma haba imiyaga ikomeye cane n’imyuzure mu bice vyegereye ibahari vy'amareta ya Carolina yo mu buraruko na Virginiya.

Abantu ibihumbi b’ibihumbi bo mu mazinga ya Bahamas aho igihuhusi Dorian cashitse ubwa mbere ku musi w’Imana urangiye, kiri ku rugero rwa gatanu, batanguye kugerageza gusubira kwubaka ubuzima bwabo.

Ibikorwa vyo kurondera no gutabara abarokotse ico gihuhusi birabandanya mu mazinga ya Bahamas.

Gushika ejo ku musi wa kane ku mugoroba, igitigiri c’abahitanywe n’ico gihuhusi cari kimaze kugera kuri 30.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG