Uko wahagera

Igiciro c'Inyubakwa Perezida w'Uburundi Azokoreramwo Ntikizwi


Inyubakwa nshasha izokoreramwo umukuru w'igihugu c'Uburundi
Inyubakwa nshasha izokoreramwo umukuru w'igihugu c'Uburundi

Ubuserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi bwashikirije kuri uno wa kane inyubakwa umukuru w’igihugu c’Uburundi azokoreramwo muri kazoza.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezeckiel Nibigira, yashimye ingene iyo nyubakwa iherereye ku musozi Gasenyi muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura yubatse.

Li Chang Lin aserukira Ubushinwa mu Burundi ku ruhande rwiwe yavuze ko ari igikorwa ca mbere gikomeye Ubushinwa bukoreye Uburundi kuva ivyo bihugu bitanguye kugiriranira imigenderanire.

Yaba uwuserukira Ubushinwa mu Burundi canke umushikiranaganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu nta numwe yashimye gushira ahabona amafaranga iyo nyubakwa yari imaze imyaka ibiri n’inusu yubakwa yatwaye. Umushikiranganji Nibigira yavuze ko atari igihe co kwishura ico kibazo.

Ikindi impande zose zitashimye gushira ahabona ni ryari ibikorwa nyezina vy’umukuru w’igihugu n’abakorera mu biro vyiwe bizotangura kurangurirwa muri iyo nyubakwa nshasha.

Bamwe mu banyagihugu babomorewe amazu canke bakakwa ubutaka bwabo kugira hubakwe iyo nyubakwa bakomeje gusaba imizibukiro yabo.

Bitegekanijwe ko ibabara rica hafi y’ikirimba gishasha rya Bujumbura Bugarama rizokugarwa rikazoca rica ku Musenyi wa Muzinda mu ntara ya Bubanza, risohokere mu Kinama ca Mubimbi mu ntara ya Bujumbura.

Reta y’Uburundi mu birori vyo gushikirizwa icese iyo nyubakwa yaserukiwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Joseph Butore, ari kumwe n’abashikiranganji batandukanye babanje ku genzura iyo nyubakwa imbere n’inyuma ata mu menyeshamakuru bari kumwe.

Inyubakwa izokoreramwo umukuru w’igihugu c’Uburundi ishikirijwe mu gihe Uburundi buherutse gufata ingingo yo kwimura umurwa mukuru wa Politike mu ntara ya Gitega iri hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG