Uko wahagera

Icuka Kibi Hagati ya Libani na Arabiya Sawudite


Amabendera ya Libani na Arabiya Sawudite
Amabendera ya Libani na Arabiya Sawudite

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Libani yasavye uno musi ku wa mbere ko haba ibiganiro n'abategetsi ba Arabiya Sawudite mu ntumbero yo kugabanya icuka kibi kiri hagati y'ivyo bihugu bibiri. Ni inyuma y'ivyatangajwe n'umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Libani ku ngwano muri Yemeni.

Umushikiranganganji ajejwe imigenderanire ya Libani, Abdallah Bou Habib atumira abategetsi ba Arabiya Sawudite mu biganiro kugira batorere inyishu ibibazo vyose izo mpande 2 zifitaniye kugira ntibigume bigaruka igihe cose.

Ku musi wa gatanu, Arabiya Sawudite yahaye ambasaderi wa Libani amasaha 48 kugira abe yavuye mu gihugu. Ico gihugu caratumyeko kandi uwugiserukira i Beyiruti congera kirahagarika ibintu vyose kigurira muri Libani.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Arabiya Saudite bwamenyesheje ko izo ngingo zafashwe inyuma y’ivyo buvuga ako ari amajambo atukana yavuzwe n’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Libani ku ngwano iriko ibera mu gihugu ca Yemeni, hamwe n’uruhara rw’umurwi Hezbollah ushigikiwe na Irani, muri politike ya Libani

Mu kiganiro cafashwe amajwi mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka cashikirijwe mu ndwi iheze, umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Libani, George Kordahi yavuze ko aba Huthi barwanya ubutegetsi bwa Yemeni bashigikiwe na Irani bariko barivuna ibitero biturutse hanze y’igihugu vy’urunani ruyobowe na Arabiya Saudite. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG