Uko wahagera

Icuka Kibi Hagati y'Ubufaransa na Aljeriya


Prezida w'Ubuafaransa Emmanuel Macron
Prezida w'Ubuafaransa Emmanuel Macron

Aljeriya yihanikirije indege zegukira igisirikare c’Ubufaransa kugurukira ku butaka bwayo. Ni ingingo yafashwe inyuma y’umusi umwe ico gihugu gihamagaje uwugiserukira mu Bufaransa.

Icuka kibi hagati y’ivyo bihugu bibiri catewe n’amajambo Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yavuze ku ndongozi z’akarere ka Maghreb, aho yumvikanishije ko ukudatanga vyoroshe impapuro zirekurira ababa muri ako karere kuza mu Bufaransa ari uburyo bwo kotsa igitugu abategetsi b’ibihugu bigize Maghreb “Ngo batware neza.”

Prezida Emmanuel Macron ku vyerekeye Aljeriya, yadudurikiyeko avuga ko ubutegetsi buhari bwigenza nk’ubwa gisirikare. Ku bwa Aljeriya, iyo mvugo ya Macron si iyo kwihanganira.

Indege zegukira igisirikare c’Ubufaransa zikunze guca muri Aljeriya zigiye canke ziva mu karere ka Sahel ahari ingabo z’Ubufaransa zagiye gutuza iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG