Uko wahagera

COVID-19 Ishobora Guhitana Abagera ku 300000 muri Afurika


Abantu bagera ku 300000 bashobora gupfa muri Afrika muri uyu mwaka bahitanywe n’umugera wa Corona.

Ivyo ni ku bwa raporo nshasha ya komisiyo y’ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe ivyerekeye ubutunzi mu karere k'Afrika yasohotse kuri uyu wa gatanu ifatira ku karorero k’ivyatohojwe na kaminuza “Imperial College London”.

Iyo raporo ivuga ko ata gikozwe kiboneka mu kurwanya ikiza c’umugera wa Corona abantu bagera ka miliyoni zitatu n’ibihumbi amajana atatu bashobora guhitanwa n’ico kiza.

Iyo raporo ivuga ko naho abantu bokwirikiza neza amabwirizwa bahawe n’abategetsi b’ibihugu vyabo y’ukutaramukanya n’iminwe hamwe n’ukwegerana, abantu barenga imiliyoni 122 bashobora kwandura umugera wa Corona.

Abahinga bagabisha ko uko vyogenda kwose, ibisata bijejwe amagara y’abantu bisanzwe bicumbagira muri Afrika bizorengerwa n’ibitigiri vy’abazoba banduye umugera wa Corona.

Iyo raporo imenyesha ko mu gihe ibintu vyoba bigendeka, Afrika izokenera imiliyaridi 44 z’amadolari ku bijanye n’ibikoresho vy’ugupima, kwikingira n’ukuvura abafise umugera wa Corona. N'iyo ibintu vyayanzara naho, bizoshobora gutwara imiliyaridi 446 y’amadolari.

Iyo raporo iragabisha kandi ku ngaruka zikomeye z’ubutunzi ikiza ca Corona kizogira muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG