Uko wahagera

Iciyumviro co Kugeragereza Urucanco rwa COVID-19 muri Afurika Kirateye Impari


Mu gihugu c'Ubufaransa, Jean Paul Mira, umuganga ajejwe abarwayi baremvye cane mu bitaro vyitwa, “Cochin” biri ku murwa mukuru, Paris na Dogiteri Camillle Locht ajejwe ubushakashatsi mu vyerekeye amagara y’abantu mu kigo, “Inserm Health Research Group” bompi batangaje kuri televiziyo y’ico gihugu ko kugerageza incandago zigenewe gukingira umugera wa Corona mu bihugu vyo muri Afrika kitoba ari iciyumviro kibi.

Ikigo, “Inserm Medical Research Group” kivuga ko abavuga gutyo bumvise nabi ivyatangajwe na muganga, Jean-Paul Mira n’umushakashatsi Camille Locht.

Muganga Jean-Paul Mira yavuze ko kugeragereza incandago zigenewe gukingira umugera wa Corona muri Afrika kitoba ari iciyumviro kibi. Ivyo kubera ata bikoresho vy’ukwikingira bihari, kandi ata n’imiti ihari.

Yatangaje ko ivyo vyoba nkuko biriko bikorwa mu bindi bice ku bijanye n’ubushakashatsi buriko bukorwa kuri Sida. Yavuze ko bagira ubushakashatsi ku bamalaya ku bijanye na Sida kubera bari mu bantu bashobora kwandura kurusha abandi iyo ndwara kubera batikingira.

Abantu batari bake bishuye n’ishavu ku mbuga ngurukanabumenyi, basigura ko vyerekana inyifato y’ikumira rifatiye kw’ibara ry’urukoba. Abo barimo Didier Drogba na Samuel Eto’o bahoze ari abakinyi rurangikranwa mu mupira w’amaguru, bakaba bompi baturuka mu karere ka Afrika.

Didier Drogba yavuze ako abanyafrika badakwiye kuba ibikoresho vy’ukugeragerezako. Amenyesha ko ivyatangajwe na Jean-Paul Mira na Camille Locht biteye isoni.

Yamara ikigo c’ubushakashatsi mu bijanye n’amagara y’abantu, “Inserm Medical Research Group” bimenyesha ko igerarezwa ry’incandago zishobora gukingira ikiza c’umugera wa Corona zigiye kubera mu bihugu vy’i Bulaya no muri Australia.

Ico kigo kivuga ko hamwe igeragezwa ry’incandago z’ukwikingira umugera wa Corona ryoba muri Afrika, ko ryobera ica rimwe n’igeragezwa ryazo mu bihugu vy’i Bulaya na Australiya. Ico kigo kimenyesha ko Afrika itokwibagirwa canke ngo ikumirwe mu bushakashatsi kubera ikiza c’umugera wa Corona cakwiragiye kw’isi nzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG