Uko wahagera

Uburusiya buregwa ko bwarashe indege y'Igihugu ca Maleziya


Icegeranyo ku barashe indege ya Maleziya
Icegeranyo ku barashe indege ya Maleziya

Abajejwe iperereza ku gwego gw’isi bamenyesha ko indege y’Igihugu ca Maleziya, yarashwe mu kwezi kw’7, mu mwaka w’2014, yarashwe na missile y’abarusiya.

Ico cegeranyo casohotse kur’uyu wa gatatu, cemeranya n’iperereza ryakozwe n’umugwi ujejwe umutekano mu gihugu c’Ubuholande.

Igihugu c’Uburusiya kirahakana ivyasohowe n’ico cegeranyo. General Major Igor Konashenkov, umuvugizi w’igisirikare c’Uburusiya, amenyesha ko amatohoza yakozwe ahengamye, kandi afise intumbero za politike, kubera ko yakorewe ku buhinga ngurukanabumenyi, ayandi agakorwa n’ibiro bijejwe umutekano mu gihugu ca Ukraine.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ayandi makungu, bumenyesha ko ico cegeranyo ar’intambwe ikomeye mu bijanye no guhana abakoze ico caha.

Ku bijanye n’ivyo Uburusiya buvuga ko iyo ndege yarashwe n’abari mu gihugu ca Ukraine, umuhinga muvy’igisirikare Justin Bronk, akorera ikigo Royal United Services, gifise icicaro m’Ubwongereza, avuga ko abaroberi bo muri Ukraine, basanzwe bayoboka Uburusiya, bari bamaze iminsi itari mike barasisha missile indege yose igurutse y’igisirikare ca Ukraine, yamara ko kubera ko batari bafise ubuhinga bwo kumenya neza indege igurutse, vyatumye bihenda mu kurasa iyo ndege ya Maleziya.

Igihugu ca Maleziya, catangaje kur’uyu wa gatatu, ko kigiye gushengeza imbere y'Ubutungane abakoze ubwo bubisha.

XS
SM
MD
LG