Uko wahagera

Icegera ca Prezida w’Ubushinwa’ Xi Jinping mu Rugendo Muri Amerika.


Prezida Barack Obama n'icegera ca Prezida W'Ubushinwa, Xi Jingping
Prezida Barack Obama n'icegera ca Prezida W'Ubushinwa, Xi Jingping

Prezida wa Amerika Barack Obama yatangaje kw’ugukorana hagati ya Amerika n’Ubushinwa bifitiye inyungu amakungu,

Rwari urugendo rwa mbere rw’icegera ca prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping i Washington. Vyitezwe ko Xi Jinping asubirira prezida Hu Jintao mu mwaka uza.

Prezida wa Amerika Barack Obama, ari kumwe na Xi Jinping I buryo bwiwe, yatangaje kw’ugukorana hagati ya Amerika n’Ubushinwa bifitiye inyungu amakungu, mu kuvuga kw’ugukomera kw’igihugu c’Ubushinwa bituma ico gihugu gitegerezwa kugira uruhara kurushiriza mu makunu:

“Prezida Obama yamenyesheje ko yamye ashimikira ku vyuko bakira neza igihugu c’Ubushinwa gitera gikomera mu buryo buciye mu mahoro, ko bemera kw’igihugu c’Ubushinwa gikomeye kandi giteye imbere, ari igihugu gishobora gufasha kuzana umutekano n’iterambere mu karere kirimwo, no mu makungu, ngo bakaba bizeye ko bazoshobora kubandanya gukorana n’Ubushinwa mu buryo bageregeje gushiraho mu kiringo c’imyaka itatu irangiye.”

Prezida Obama avuga ko muri ukwo gukorana, harimwo uruhara mu mugwi w’ibihugu mirongo ibiri biteye imbere kurusha ibindi kw’isi, n’ibihugu biriko biratera imbere, ku vyerekeye gutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi kw’isi, n’ibibazo vyerekeye ibihugu vya Korea ya ruguru na Irani.

Ibifitanye isano

XS
SM
MD
LG