Uko wahagera

Ibrahim Coulibaly Umukuru w’Umugwi, “Comando Invisible” Yarishwe


Ibrahim Coulibaly Umukuru w’Umugwi, “Comando Invisible” Yarishwe
Ibrahim Coulibaly Umukuru w’Umugwi, “Comando Invisible” Yarishwe

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Cote d’Ivoire, bwatangaje ko inteko zishigikiye prezida mushasha w’igihugu ca Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara zishe umutegetsi w’umugwi w’abagwanyi yafashije gukura Laurent Gbagbo yahoze ari prezida ku butegetsi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, bwatangaje mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatatu ko Ibrahim Coulibaly yishwe mu ngwano yabareye mu gice ca Abobo mu gisagara ca Abidjan.

Ivyabona batangaje ejo ku musi wa gatatu ko bumvise amasasi n’ibikoho bikomakomeye vyasana.

Umuvugizi wa Coulibaly, Felix Anoble, yarerekanye ko atangajwe n’ico gitero, mu kuvuga ko ico gitero cabaye mu gihe abo bagwanyi bariko bitegurira kwumviriza akamao ka prezida Ouattara k’ugushira hasi ibigwanisho.

Inteko zishigikiye Ouattara na Coulibaly zaragwanije inteko zishigikiye uwahoze ari prezida wa Cote d’Ivoire, Laurent Gbagbo, yamara izo mpande zibiri zamye zikebana muri kahise. Izo mpande zibiri zaratanye mu mitwe mu gisagara ca Abidjan mu ndwi iheze.

Imbere yaho, Leta ya prezida Ouattara yatangaje ko yatanguje itohoza ku vyerekeye Gbagbo, yatawe mu mvuto mu ntango z’uku kwezi.

Umuvugizi wa Leta ya Cote d’Ivaoire , yavuze ko iryo tohoza kandi ryerekeye umupfasoni wa Gbagbo n’abafasha biwe.

XS
SM
MD
LG