Uko wahagera

Ibrahim Boubacar Keïta Yahoze ari Prezida wa Mali Yitavye Imana


Ibrahim Boubacar Keïta Yahoze ari Prezida wa Mali
Ibrahim Boubacar Keïta Yahoze ari Prezida wa Mali

Ibrahim Boubacar Keïta yabaye Prezida wa Mali kuva mu 2013 gushika mu 2020 yitavye Imana. Umwe mu bagize umuryango wiwe yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko yasandabiye ku muhana iwe uri i Bamako ku murwa mukuru wa Mali.

Icahitanye Boubacar kugera ino saha ntikiratangazwa. Prezida Ibrahim Boubacar Keïta ashengeye afise imyaka 76. Yavuye ku butegetsi mu kwezi k’umunani ko mu 2020 abuvanweko ku nguvu n’abasirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG