Uko wahagera

Ibitigiri vy'Impunzi Kw'isi Uno Mwaka Biri Hejuru Gusumba Iyindi Myaka


Zimwe mu mpunzi z'Abarundi muri Tanzaniya
Zimwe mu mpunzi z'Abarundi muri Tanzaniya

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR, rivuga ko abantu bagera ku miliyoni 71 kw’isi bavanywe mu zabo n’ingwano n’ugutotezwa. Ni co gitigiri kinini cane gishitsweko kuva ishirahamwe HCR rishinzwe haraheze hafi y’imyaka 70.

Ishirahamwe HCR rivuga ko ico gitigiri gito gishobotse bashoboye gushikiriza kubera ico gitigiri kitarimwo ivyerekeye uruhagarara mu gihugu ca Venezuela.

Ishirahamwe HCR rivuga ko abanyavenezuela bagera ku miliyoni 4 bahunze igihugu cabo. Yamara igitigiri kinini muri bo ntibasavye icese ubuhunguro. Ivyo bikaba bituma badashobora guharurwa mu mpunzi.

Mu mwaka uheze, icegeranyo ca HCR kimenyesha ko intambara zatumye abantu bagera ku miliyoni 26 bagwiriyemwo abana bahunga ibihugu vyabo. Abandi bantu barenga imiliyoni 41 baravuye mu zabo yamara baguye mu bihugu vyabo.

Ico cegeranyo kimenyesha ko bibiri vya gatatu vy’impunzi zose kw’isi ziva mu bihugu bitanu ari vyo Siriya, Afuganistani, Sudani yo mu bumanuko, Myanmar na Somaliya.

Mu mwaka ugira uwa gatanu wikwirikiranya, igihugu ca Turukiya cakiriye igitigiri kinini cane c’impunzi. Gikwirikirwa n’ibihugu vya Pakistani, Uganda, Sudani n’Ubudagi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG