Uko wahagera

Ibitigiri vy'Abimukira Bagana i Buraya Vyaragabanutse


Bamwe mu Banyelibiya batabawe mu ntango z'ukwezi kwa munani

Ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR ryatangaje mu cegeranyo ryasohoye kuri uno wa mbere ko ibitigiri vy’abimukira baza bagana umugabane wa Buraya vyagabanutse cane.

HCR isigura ko naho ivyo bitigiri vyagabanutse, ivy'abapfira mu ngendo bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane vyiyongereye.

Muri uno mwaka abagera ku 1095 baraguye muri izo ngendo, mu gihe mu 2017 HCR yemeza ko 2276 ari bo basize ubuzima bariko bagerageza kugera i Buraya.

HCR ibandanya ivuga ko abenshi mu baguye muri izo ngendo ari Abanyelibiya baba bariko bahunga ibibazo bitandukanye bivugwa mu gihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG