Uko wahagera

Ibitero vya Bombe kw'Isengero Katorika muri Indoneziya Vyakomerekeje 14


Imicungararo y'isengero yagabweko ibitero vya bombe

Ibisasu bibiri vya bombe bikekwa ko vyatezwe n’abiyahuzi vyaturikiye imbere y’isengero rya Ekleziya Katorika ryo mu gisagara ca Makassar muri Indoneziya, vyakomerekeje abantu n’imiburiburi 14.

Polisi y’akarere vyabereyemwo yavuze ko ivyo bisasu vyaturitse mu mwanya abantu babiri bariko bagerageza kw’injira mw’isengero yariko iberamwo imisa y’ibisandasanda.

Argo Yuwono avugira polisi ya Makassar yirinze gutangaza aboba bahitanywe n’ivyo bisasu ariko avuga ko abo bamaze kumenya ko abo vyakomerekeje ari 14, yizeza ko ibindi biza gutangazwa inyuma y’amatohoza.

Umwe mu bahinga mu vy’ibitero vy’iterabwoba akaba na mwarimu kuri kaminuza muri Indoneziya yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ata nkeka igitero c’uno wa Mungu cakozwe n’intagondwa ziyitirira idini rya isilamu. Yasesanguye avuga ko igitero c'uyu munsi gisa n’ikindi cagabwe mu 2018 kw’isengero katorika ry’ahitwa Surabaya kigahitana abarenga 30.

Muri videwo uwutwara ubushikiranganji buraba ivy’amasengero muri Indoneziya nawe yarungikiye igisata c’Ijwi ry’Amerika muri ico gihugu, yateye ivyatsi abakoze ico gitero, ahamagarira indongozi z’amadini atandukanye kwibutsa abayoboke bazo ko ata muntu n’umwe akwiye kuzira ukwemera kwiwe. Uwo mutegetsi yashimangiye ko ivyabaye uwu munsi bihushanye n’urukundo amadini atandukanye yigisha, ahamagarira abanyagihugu gutekana.

Indoneziya irakunze kugabwamwo n’ibitero vy’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu. Kimwe mu vyahitanye benshi mu myaka ya vuba ni ico mu 2002 cagabwe ahitwa Bali kigahitana abarenga 200.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG