Uko wahagera

Ibitero vya al-Shabab mu Buraruko bwa Kenya


al-Shabab
al-Shabab

Umugwi Al-Shabab wateye mu gisagara ca Mandera, mu buraruko bw’Igihugu ca Kenya, hafi y’umupaka wa Somaliya. Ico gitero cahitanye abantu bashika kuri 6.

N’igitero cabanje gutangazwa ku rubaga ngurukanabumenyi, n’Umuyobozi w’Igisagara ca Mandera, Ali Roba, aho yavuze ko igisirikare ca Kenya catabaye vyihuta. Yamara inyuma y’aho, umugwi al-Shabab nawo waciye usohora itangazo rivuga ko wishe abakirisitu bashika kuri batandatu.

Mwomenya ko umugwi al-Shabab, ubandanya gukora ibitero mu gihugu ca Kenya kuva aho Kenya kirungikiye inteko zaco muri Somaliya, mu mwaka w’ 2011.

Mu mwaka uheze, Ali Roba, arongoye igisagara ca Mandera, akaba nawe yarahatswe kugwa mu gitero yari yatezwemwo n’umugwi al-Shabab.

XS
SM
MD
LG