Uko wahagera

Ibitero vy'Indege ku Birindiro vy'Abarwanyi muri Siriya Vyahitanye Cumi


Indege z'Uburusiya zitahutse zivuye muri Siriya

Abarwanyi cumi bo muri Iraki bashigikiye ubutegetsi bwa Irani baguye mu bitero vy’indege vyagabwe ku birindiro vyabo biherereye muri Siriya mu bucagucagu bwo kuri uno wa kabiri.

Urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike muri Siriya bwemeje ayo makuru, bwavuze ko muri rusangi ibirindiro vyatewe ari bitatu. Urwo runani ntirwatomoye abagavye ivyo bitero ku birindiro biri mu karere kitwa Boukamal, gaherereye ku mupaka Siriya ihana na Iraki.

Ibitero vyo kuri uno wa kabiri bije bikurikira ivyagabwe n’indege z’Uburusiya mu ndwi iheze. Ivyo bitero vyahitanye abarwanyi 18 barimwo n’abo muri Irani.

Intambara imaze imyaka hafi cumi muri Siriya imaze guhitana abagera ku bihumbu 370, yangaza imiliyoni n’imiliyoni. Ni intambara ibihugu bitari bike birimwo ibikize vyakomeje kwivangamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG