Uko wahagera

Ibitero ku Buhinga bwa None "Cyberattacks” ku Bitaro vyo mu Bufaransa


Ubufaransa butangaza ko bimwe mu bitaro vyabwo vyasubiye kugabwako ibitero ku buhinga bwa none bikoresha, "Cyberattacks”. Muganga Herve Bontemps wo ku bitaro vyegukira komine yitwa Villefranche-sur-Saône iri mu micungararo y’igisagara ca Lyon, yabwiye Ijwi ry’Amerika i Paris ko igitero cakwozwe ku vyuma vy’ibitaro vyiwe catumye ibikorwa vyose bakoresha amamachine vyitonda, bimwe mu bipimo vy’abarwayi bategerezwa gusohora biciye ku mpapuro zirungikwa n’ivyuma vyanka ko bazisohora, gutyo inyishu z’ivyo bipimo zirungikirwa ibisata vy’ibitaro vyasavye ivyo bipimo biciye mu nyandiko z’intoke.

Bimwe mu bikorwa bitihutirwa vyo kubaga abarwayi kuri ivyo bitaro vyabaye birahagarikwa nkuko uwo muganga abandanya abisigura. Ivyo vyaje bibangamira kandi kwitaho abarwayi b’ikiza ca Covid-19, kimaze guhitana abantu barenga ibihumbi 80 mu Bufaransa. Umushikiranganji ajejwe ivy’ubuhinga bwa none muri ico gihugu,mu ndwi iheze yabwiye inama nkenguzamateka y’Ubufaransa ko iki kibazo gikomeye kandi kibandanya kwibonekeza mu bitaro bitari bike: Agereranya yavuze ko kuva uno mwaka utangura, n’imiburiburi ivyo bitero bikorwa kw’ivuriro rimwe ku ndwi.

Uwo mushikiranganji yemeje ko mu 2020, ibitaro 27 vyakozweko ivyo bitero. Ubufaransa si bwo bwonyene buvugwamwo ibitero bikorwa ku buhinga bwa none bw’ibitaro: Mu mwaka uheze, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika nazo nyene zarahuye n’iki kibazo ku bitaro n’amavuriro agera ku 400. Nicolas Arpagian yigisha ivy’ubutunzi I Paris mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika yasiguye ko ahanini ibi bitero bikorwa n’abantu baba bashaka kwiba amafaranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG