Uko wahagera

Ibitero Bibiri Al-Shabab Yagavye muri Somaliya Vyahitanye Abantu 7


Abantu indwi baguye mu bitero Al-Shabab yagavye mu bibanza bibiri bitandukanye muri Somaliya.

Icahitanye benshi cagabwe mu micungararo y’umuhana w’umwe mu bategetsi bakomeye mu gisirikare ca Somaliya, uherereye mu gisagara citwa Wanlaweyn, kiri ku bilometero 90 uvuye ku murwa mukuru Mogadishu.

Mu baguye muri ico gitero ca mbere cahitanye batanu, harimwo umupfasoni w’uwo mutegetsi mu vya gisirikare atari ku muhana iwe igihe cagabwa. Ni igitero cakomerekeje kandi umwana umwe w’uwo musirikare.

Buramatari w’intara ya Shabelle yagabwemwo ico gitero,yabwiye Ijwi ry’Amerika ko hari abakekwa kuba bagize uruhara muri ico gitero bahagaritswe ku mvo z’amatohoza. Ni mu gihe umurwi Al-Shabab umaze kwigamba ico gitero, co kimwe n’ikindi cagabwe kw’ikambi ya gisirikare iri kure gato y’umurwa mukuru Mogadishu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG