Uko wahagera

Ibisigarira vya Fidel Castro vyashinguwe


Prezida Raul Castro yakira ibisigarira vya Fidel Castro imbere y'uko bishingugwa
Prezida Raul Castro yakira ibisigarira vya Fidel Castro imbere y'uko bishingugwa

Kur’uyu w’Imana niho ibisigarira vya Fidel Castro, yahoze atwara Cuba, vyahambwa, m’ubuseruko bwa Cuba, inyuma y’iminsi icenda Igihugu kimugandariye.

Ivyo birori vyabereye mw’itongo ry’abapfuye Santa Ifigenia, riri mu gisagara ca Santiago de Cuba, vyabaye mu mwiherero, k’umwanya wa nyuma abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru bitandukanye mw’isi bakaba babujijwe gushika mur’ico kibanza.

Fidel Castro yitavye Imana itariki ya mirongo ibiri na zitanu z’ukwezi kw’11, afise imyaka mirongo icenda, inyuma y’imyaka itari mike akitswe n’amagara. Yaraneguwe na bamwe bavuga ko ku ntwaro yiwe yatwaje umukazo, agasubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu akongera agahohotera agateka ka zina muntu. Ni mu gihe abandi bamushimagije mu kuvuga ko yabaye kirumara kuri bantahonikora.

XS
SM
MD
LG