Nana Akufo-Addo yatowe nk’Umukuru w’Igihugu muri Ghana, yaraye yimitswe k’umugaragaro kur’uyu wa gatandatu, inyuma y’amatora yabaye mu kwezi guheze, yamushikanye ku ntsinzi.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari bashwaye k’umugwa mukuru wa Ghana, I Accra, kurorera iryo bisikanya ry’ubutegetsi, ibitamenyerewe mur’ako karere karangwamwo ahanini n’intureka za politike.
Akufo-Addo, afise imyaka mirongo indwi n'ibiri, akaba asubiriye uwitwa John Mahama, bari bahiganywe mu matora y’Umukuru w’Igihugu. Mw’ijambo yashikirije, Akufo-Addo akaba yasezeranye kuzoduza ubutunzi bw’igihugu bubangamiwe, mu kwubaka amahinguriro m’uturere dushika amajana abiri tugize igihugu ca Ghana.