Uko wahagera

Ibindi Bitero vy'Indege za Etiyopiya mu Ntara ya Tigreya


Ibindi bitero vy’indege za Etiyopiya mu ntara ya Tigreya, vyahitanye ubuzima bw’abanyagihugu, barimwo abana. Umuvugizi wa reta ya Etiyopiya, Legesse Tulu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associate Press kw’ivyo bitero vyakozwe ku murwa mukuru Mekele, ku kibanza ingabo za Tigreya zikoreramwo kandi zibikamwo ibigwanisho. Yavuze kw’ico kibanza cari carashwe kandi mu ndwi iheze.

Yamara umuvugizi wa Tigreya wewe, Nahusenay Belay, yahakanye ayo makuru avuga kw’ico kibanza ca gisirikare carashwe. Yavuze ahubwo kw’ivyo bitero vyakozwe ku mihana y’abasivile, bigahitana ubuzima bw’abantu batandatu, bikanakomeretsa abandi barenga 20. Abana batatru bari mu bahitanywe n’ivyo bitero.

Muri iki gihe kandi, ingwano irabandanya mu ntara ya Amhara ya Etiyopiya inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed arungikiyeyo abasirikare bagwaniara hasi mu ntango y’uku kwezi, naho amakungu adahengeshanya gusaba ko haba agahengwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG