Uko wahagera

Ibikorwa vyo Kurondera Abahitanywe n'Imiriro mu Bugiriki


Ifoto yerekana umupfasoni ariko asuka amazi imbere y'inzu yiwe yatokombejwe n'umuriro.

Inyuma y’imisi itatu hadutse imiriro ya nyakanga mu gisagara ca Rafina giherereye mu burasirazuba bw’Ubugiriki, abatabara batanguye kurondera abataramenyekana boba barahitanywe n’iyo miriro.

Abajejwe gutabara bemeza ko abagera kuri 82 aribo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’iyo miriro yakomerekeje 187, igasenyura amazu arenga 300.

Imiryango itarashobora kumenya irengero ry’ababo yazindukiye mu buruhukiro bw’abitavye Imana buri mu gisagara ca Athenes ahariko hakorerwa ibipimo vya ADN kugira barabe ko bomenyamwo ababo. Yamara abaganga babahebuje. Abatari bake barahiye ku buryo bigoye gukora ivyo bipimo.

Mu gihe ikigandaro c’imisi itatu catangajwe n’umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras gihera kuri uno wa kane, ababuze ababo bata agashavu ku bajejwe gutabara boba bafashe minenerwe ivy’iyo miriro bagatabara amazi yarenze inkombe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG