Uko wahagera

Ibihumbi 135 Bakurikiye Misa ya Papa Faransisiko Abu Dhabi


Papa Francis mu misa i Abu Dhabi
Papa Francis mu misa i Abu Dhabi

Papa Fransisiko yahimbaje imisa ku murwa mukuru wa Emirat zunze ubumwe z'Abarabu, Abu Dhabi. Ni mu gihe arangije urugendo rw’igihugu gitoyi ruzokwibukwa muri ico gihugu.

Iyo misa yitabwe n’abantu bagera ku bihumbi 135 mu kibuga c’inkino citwa Zayed ku murwa mukuru Abu Dhabi. Abantu bamwe bavuga ko iyo yari misa yari ikomeye cane y’abakristu ibaye ku mugaragaro mu kigobe c’Abarabu.

Imbere y’iyo misa, Papa Fransisiko yazungurutse ikibuga yabereyemwo ari mu modoka yakorewe we bwite. Yaramukije abari bitavye iyo misa mu gihe nabo bishuye n’indirimwo z’ukumuhayagiza.

Ku musi wa mbere, Papa Fransisiko yasavye ko intambara ziri mu karere ko mu buseruko bwo hagati zirangira, cane cane intambara zo mu bihugu vya Yemen, Siriya, Iraki na Libiya. Ivyo Papa Fransisiko yabitangaje mu nama yari yahuje abaserukira amadini atandukanye.

Ni rwo rugendo rwa mbere umupapa agize mu kigobe c’Abarabu.

Umuganwa nyeningoma wa Emirat zunze ubumwe z'Abarabu, Sheikh Mohammed bin Zayed Al Nahyan ari mu bakiriye Papa mu kirimba ciwe mu birori vyabaye mu gitondo co ku musi wa mbere.

Ekleziya Katolika ivuga ko hari abakatolika bagera ku muliyoni muri Emirat zunze ubumwe z'Abarabu. Benshi muri bo bava mu bihugu vya Filipine n’Ubuhindi aho basize imiryango yabo mu kuza kurondera akazi muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG