Uko wahagera

Ibihugu Bitunze Vyabaye Birahagarika Kurihisha Amadeni Ibikenye


Inama y'ibihugu bikize gusumba ibindi yabereye ku buhinga bwa none kubera COVID19

Ibihugu bikomeye kw’isi bigizwe n’umugwi G20 kumwe n’abahinga bajejwe gukurikiranira hafi amadeni y’ibihugu biri mu nzira y’amajambere batangaza ko bemeranije guhagarika ivyagateganyo kurihisha amadeni ivyo bihugu muri ibi bihe bigizwe n’ikiza c’umugera wa Corona.

Iyo ngingo yatangajwe n’umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ubutunzi, Bruno La Maire, ije mu gihe hari hamaze imisi hari abasaba ko ibihugu bikenye bihabwa agahengwe ku madeni bafise kugira bashobore kwitaho inzego z’ubuvuzi zavyo mu kugwanya ikiza ca Corona.

La Maire yavuze ko ibihugu 76 harimwo 40 vyo musi y’ubugaragwa bwa Sahara, igihugu c’Ubufaransa cahawe uburenganzira n’amashirahamwe y’abajejwe gukurikiranira hafi amadeni n’ubutunzi b’igihugu, Club de Paris, hamwe n’amabanki yigenga akorana na reta y’Ubufaransa, guhagarika ivy'agateganyo kurihisha amadeni ivyo bihugu biyaheranye.

Ubufaransa butangaza ko iyo migwi y’ibihugu bitunze kimwe n’abagwizatunga bapfunditse ayo masezerano babifashijwe n’igihugu c’Ubushinwa.

Iyo ngingo ije kandi mu gihe Ikigega mpuzamakungu c'imari, FMI, catangaje ejo ku musi wa mbere ko, gihagaritse ivy'agateganyo kurihisha amadeni ibihugu 25 vyari bigifitiye.

Izo ngingo zompi zafashwe inyuma yaho Papa Fransisko abisavye yivuye inyuma mu misa ya Pasika, ku musi wa mungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG