Uko wahagera

Ibihugu Birenga 100 Vyemeye Guhagarika Guhonya Amashamba


Rimwe mu mashamba yo mu Buhundi
Rimwe mu mashamba yo mu Buhundi

Abategetsi b'ibihugu n'amareta y'ibihugu birenga 100 vyo kw'isi bemeye kuba bahagaritse guhonya ibiti n'amashamba mu mwaka w'i 2030. Ni mu nama kw'ihingarukira ry'ibihe irirko ibera mu gisagara ca Glasgow muri Ecosse.

Abo bayobozi bemeye gutegekanya imiliyaridi 19 y’amadolari agenewe gufasha kubungabunga n’ugusubira gutera ibiti. Uwo muhango batanze ku musi wa mbere warashigikiwe n’abategetsi b’ibihugu birimwo Bresil, Indoneziya na Republika ya demokrasi ya Congo, ibihugu bifise ibice 85 kw’ijana vy’amashamba yose acimeza ari kw’isi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, yatangaje ko aka ari akaryo k’ukugarukira isi babako. Yarahayagije amasezerano yashitsweko ku bijanye n’ugukingira amashamba.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yatangaje ko ayo masezerano azofasha amakungu kudatakaza amashamba yayo. Amenyesha ko azokwongereza n’imiburiburi ayandi mahegitari imiliyoni 200 y’amashamba mu mwaka w’i 2030.

Amashamba agumya hafi y’ibice 30 kw’ijana vy’imyuka mibi ya carbone igeramzira ibidukikije. Ivyo bituma ubushuhe butiyongera kw’isi. Hisunzwe amasezerano yashitsweko ku musi wa mbere, ibihugu 12, harimwo Ubwongereza vyemeye gutanga imiliyaridi 12 y’amadolari hagati y’umwaka w’i 2021 n’uw’i 2025 kugira bifashe ibihugu biri mu nzira y’amajambere mu twigoro tw’ugusubira gutera ibiti n’uguhangana n’imiriro yo mu mashamba. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG