Uko wahagera

Ibiganiro vy’Ugushiraho Reta y’Ubumwe mu Gihugu c’Ubugiriki


Umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki, George Papandreou
Umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki, George Papandreou

Ibiganiro ku vyerekeye gushiraho Reta nshasha y’urunani, bizotuma ico gihugu kibandanya kuronswa infashanyo y’amafranga, bizotangura vuba.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubugiriki, George Papandreou, yatangaje ko biganiro ku vyerekeye gushiraho Reta nshasha y’urunani, izotuma ico gihugu kibandanya kuronswa infashanyo y’amafranga, bizotangura vuba.

Ivyo Papandreou yabitangaje amasaha makeyi inyuma yuko habaye amatora, mu nama nshingamateka y’ukumuha ububasha bw’ukubandanya kuyobora igihugu c’Ubugiriki.

Yamara umutegetsi atavuga rumwe na Reta, Antonis Samaras yishuye, mu gusubira gutera akamo kuko haba amatora y’imbere y’igihe, kandi ko Papandreou yotegerezwa gutanga imihoho. Samaras yatangaje ko umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki atari umutetegsi akwiriye kuyobora io gihugu.

Prezida w’igihugu c’Ubugiriki, Carolos Papoulias yatangaje ko aza kubonana na Samaras uno musi ku w’Imana, kugira baganire ivyerekeye Reta y’ubumwe.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki, George Papandreou, yatsinze amatora y’ugusubira kwizigirwa ngo abandanye ayobora Ubugiriki, inyuma yuko atangaje ko yifuza kuganira Reta y’ubumwe, izokwemeza amasezerano agenewe gutuma ubutunzi bw’igihugu c’Ubugiriki budasenyuka.

Yaragabishije ko kugirisha amatora y’imbere y’igihe, vyogira ingaruka zikomeye cane.

XS
SM
MD
LG