Ku ncuro ya mbere kuva mu 2016, Perezida wa Sudani y’ubumanuko, Salva Kiir hamwe n’umukuru w’abarwanyi, Riek Machar bazobonana amaso mu yandi kuri uno wa gatatu mu biganiro bizobahuriza i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya.
Ivyo biganiro bigamije kurangiza ingwano imaze imyaka 5 muri ico gihugu bibaye inyuma y'indwi imwe impande zose zerwa navyo zitangaje ko zakiriye neza ubutumire bw’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya azobahuza.
Umuvugizi wa Reta ya Sudani y'ubumanuko, Ateny Wek Ateny, yavuze ko ubwo butumire ari ikintu ciza. Yamenyesheje ko inzira yose igamisha ku mahoro arama ya Sudani y'ubumanuko yakirizwa yompi.
Ingwano imaze imyaka itanu muri Sudani y'ubumanuko imaze guhitana ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu yongera yangaza abatari bake bahunze igihugu. Impande zose zagirizanya amabi yakorewe abanyagihugu.
Facebook Forum