Uko wahagera

Burundi: Ibiganiro Hagati ya CNC n'Amaradiyo Yugawe Vyatanguye


Nestor Bankumukunzi atwara urwego CNC
Nestor Bankumukunzi atwara urwego CNC

Kuri uyu wa mbere urwego CNC rucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi rwagiranye umubonano n’amaradiyo n’ibimenyeshakamakuru vyugawe. Ni inama yabereye mu mwiherero nta ngere. Yitabwe n’abaserukira amaradiyo n’ibimenyeshamakuru bitanu ari vyo Iradiyo Ijwi ry'Amerika, Iradiyo BBC y’Abongereza, Iradiyo Bonesha FM, ikinyamakuru Iwacu na Ikiriho. Ni mu gihe hari hatumiwe bitandatu.

Uwutwara urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru n’amaradiyo bikora ari na rwo rwatumyeko iyo nama, yanse kugira ico abivuzeko iyo nama iheze. N’abatumiwe banse kuvugira kuri micro z’abamenyeshakuru. Ico bikoze, bamwe muri bo batubwiye ivyahavugiwe.

Batubwiye ko mu gutanguza iyo nama, Nestor Bankumukunzi atwara CNC yasiguye ko ari umubonano wa mbere urwo rwego rugiranye n’amaradiyo yugawe. Bankumukunzi yemeje ko urwo rwego rufise intumbero yo kugurura amaradiyo nk’uko umukuru w’igihugu aheruka kubishikiriza.

Yamenyesheje ko habwirizwa kwumvikanwa ingene amakosa yakozwe yokosorwa kugira ntihagire ikinyamakuru gisubira kuyarwamwo. Abitavye iyo nama bavuga ko Bankumukunzi yababwiye ko umwe wese azoronka akaryo ko gushikiriza ivyo iradiyo canke ikinyamakuru aserukira cagirijwe n’ingene kizokwiyemeza kudasubira kurwa muco yise “umutego”.

Ico bikoze, uwutwara urwego CNC yababwiye ko hakiri ibinyamakuru n’amaradiyo agifise vyinshi vyo gukemura cane cane ibifise amadosiye mu butungane. Aha, Bankumukunzi yagarutse cane kuri Radiyo Bonesha FM. Yibukije ko iyo radiyo yari yaritwaye muri sentare ica imanza za Reta, Cour Administrative.

Urwego CNC rwasavye amaradiyo nk’ayo afise imanza kubanza kuja gusaba urupapuro rwerekana ko ivyo binyamakuru bidakurikiranwa n’ubutungane, “Attestation de non poursuites judiciaires”. Leon Masengo, aserukira Radiyo Bonesha FM, we yavuze ko nyabuna ico gipapuro kidakenewe, ko ahubwo ari ikindi citwazo canke amananiza.

Abo baserukiye ibinyamakuru bitanu, basavye nyabuna abarongoye CNC kuba ari bo baja kuvugana n’ubutungane kugira ayo madosiye ave mu nzira, amaradiyo n’ibinyamakuru vyugawe bisubire gukora ukuri kwamye. Umwe muri bo, yavuze ndetse ko akamo katewe n’umukuru w’igihugu ku munsi wa kane uheze, gasa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu, ko rero ababijejwe bogerageza ntibabere intambamyi uwo mugambi mwiza.

Abaserukiye amaradiyo mpuzamakungu VOA na BBC bashimye iyo ntambwe, bakifuza ko ahubwo ibikenewe vyose vyokurwa mu nzira zigasubira gusamirana mu gihugu. Abitavye bose bavuga ko ari intango nziza. Gusa bashikirije ko n’ikibazo c’abamenyeshamakuru hafi 100 bahunze igihugu cokwigwa neza.

Aha, Nestor Bankumukunzi yavuze ko ico kibazo kirengeye urwego arongoye, ko kumbure kizokwigirwa ahandi, ubona ko hari n’abafise imitahe mpuzamakungu y’ubutungane ibarondera. Abenshi muri aba bakorera amaradiyo RPA, Bonesha FM, Radiyo TV Renaissance na Isanganiro imbere y’uko ziturirwa mu mwaka w’2015.

Ku bari bahawe ubutumire ariko batashoboye kwitaba, harimwo n’abo bari mu buhungiro, nk’Ikinyamakuru www.itaraburundi.com candikirwa ku buhinga ngurukana bumenyi. N’aho atitavye ubutumire, Jerome Kazabukeye atwara ico kinyamakuru, yabwiye Ijwi rya Amerika ko yizeye ko kizohabwa uruhusha rwo gusubira gukora.

Ku rundi ruhande hari abatwara amadiyo yaturiwe mu mwaka w’2015 nka RPA na Radio Television Renaissance. Yoyo yemeza ko atigeze atumirwa n’urwego CNC. Urwego CNC rwashikirije ko inama yo kuri uyu wa mbere izokurikirwa n’izindi nyinshi zizokemura ivyo bibazo. Nestor Bankumukunzi atwara CNC yavuze ko hagiye gutangura gutumwako iradiyo imw’imwe yose ukwayo, kugira ikibazo kiyiraba gikemurwe.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:44 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG