Uko wahagera

Ibiciro vy'Ibiribwa vya Nkenerwa mu Burundi Vyaduze


Bamwe mu badandariza mu micungararo y'ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Ino foto ni iyo mu 2015
Bamwe mu badandariza mu micungararo y'ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Ino foto ni iyo mu 2015

Mu Burundi haribonekeza ibiciro vy'ibiribwa vya nkenerwa vyaduze kurusha ibindi. Umuceri, ibiharage, ubufu n’ibindi, vyaduze ku kiro kimwe amafaranga ari hagati y’amajana atanu n’igihumbi. Ibijumbu biri mu mfungurwa zikinjikwa mu miryango yo mu mitumba vyo vyigwije incuro zitatu igiciro c'imbegeti imwe.

I ruhande y’ibiciro vy’imfungurwa n’ibinyobwa, n’isima yaradugijwe ayo yahora igurwa. Abanyagihugu bavuga ko iri duzwa ry'ibiciro rifise ingaruka mbi ku miryango yabo kubera batagishobora gusuma uko bahora bikagorana kugaburira imiryango yabo. Ishirahamwe ry'abaguzi ABUCO risaba Reta kuzana ibicuruzwa bivuye hanze ribikuyeko amakori kugira isahirize isoko yo hagati mu gihugu.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya, Eloge Willy Kaneza

Abanyagihugu Bavuga ko Ibiciro Vyaduze Biriko Bibagirako Ingaruka
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:09 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG