Ibanki y’isi yose iheruka guhagarika imigambi itanu kuri itandatu yari itegekanya gukorera mu Burundi.
Mw’ikete ryarungikiwe umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta mu Burundi Domitien Ndihokubayo, iyo banki yasiguye ko yisunze ingene isigaye irangura imigambi yayo mu karere Uburundi bubarizwamwo umugambi ugamije kworoherezanya mu vy’urudandazwa hagati y’ibihugu vyo mu biyaga binini ari wo wonyene uzorangurwa.
Imigambi ibanki y’isi yose ihagaritse kuzorangura mu Burundi irimwo uwari werekeye guteza imbere urugomero rwa Rusizi ya gatatu, gukingira ikiyaga Tanganyika n’ibigikikije, ukunguruza ibintu n’abantu muri ico kiyaga.
Uwundi werekeye ukunyarutsa ivyo kumenyera kuba mu muryango w’akarere ka Afurika y’ubuseruko, guteza imbere uburimyi mu kerere ka Afurika y’ubuseruko n’iyo hagati (ECAAT) hamwe n’umugambi wo gukingira ibidukikije na cane cane ikiyaga ca Victoria (LVEMPIII).
Muri iryo kete Ijwi ry’Amerika rifitiye kopi, ibanki y’isi yose ifise icicaro I Washington DC isozera ivuga ko ikigiye gukurikira ari ukuraba ingene uburyo bwari bumaze gutangwa kugira iyo migambi iranguke bukoreshwa.
Facebook Forum