Uko wahagera

Ihayanisha Gurisha ry'Urwaruka mu Kwishiriraho Imirimo mu Burundi


Umwe mu rwaruka ruri mu ihayanisha gurisha i Bujumbura
Umwe mu rwaruka ruri mu ihayanisha gurisha i Bujumbura

Kuva kuri uyu wa kabiri i Bujumbura mu Burundi hatanguye ihayanisha-gurisha y'urwaruka rizomara indwi. Abakiri bato ahanini barahigira ukuntu bashobora kwishiriraho imirimo aho kwama biteze akazi ku bandi bantu n'amashirahamwe.

Iri hayanisha gurisha ryatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe ubuhinga bwa none hamwe n’igisata ca ONU kijejwe iterambere PNUD. Uwuserukira PNUD mu Burundi Nicole Kouassi yavuze ko umuti urama wo kurwanya ubushomeri n’ubukene ari ugushinga amashirahamwe y’abanyagihugu mato mato akora ivy’abo mu kibano bakenera. Yamenyesheje ko ugukangurira urwaruka kwishiriraho imirimo aho kwama biteze ababaha utuzi ari ikintu co guteza imbere kigashigikirwa.

Nicole Kouassi aserukira PNUD mu Burundi yavuze ko mu bihugu bikenye bitagira n’umuhora kw’ibahari aho ubutunzi bugizwe ahanini n’uburimyi n’imirimo idatanga ikori, ikoranabuhanga n’ugutora ibintu bishasha bibwirizwa umushinge wo kuzamura ubutunzi. Urwaruka ruri mu mirimo idasora kugira baduze amahirwe yo kuronka akazi banakomeza kwiteza imbere n’ukwishiriraho imirimo.

Faustin Ndikumana atwara ishirahamwe Parcem asaba Reta gushiraho politike yo gutanga akazi kugira irandurane n’imizi ubushomeri mu rwaruka ruhejeje amashure. Anerekana bimwe mu vyorangurwa kugira abakiri bato batize nabo nyene babone amahirwe yo kuronka akazi.

Iri hayanisha gurisha rizorangira ku mugoroba wo ku musi wa gatanu w’iyi ndwi ni irya mbere rimeze gutya ritunganijwe mu Burundi. Rizosozerwa na Prezida Evariste Ndayishimiye uzotanga ubushimwe ku bakiri bato bakoze imigambi yo kwishakira akazi kurusha abandi.

Ibiharuro bitangwa n’amashirahamwe y’urwaruka vyerekana ko urwaruka ruharurirwa kuri 55.2 ku ijana mu mitumba ata kazi rufise mu gihe ababa mu bisagara bashomereye bashika ku 65.4 ku ijana.

Ayo matohoza nyene yerekana ko mu Burundi abakiri bato ari bo benshi. Abafise imyaka iri munsi ya 25 ni 65 ku ijana nayo abari musi ya 35 ni 75 ku ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG