Uko wahagera

HRW Isaba Irekurwa ry'Abana Bagirizwa Gukorana na Boko Haram


Ikarata ya Nijeriya
Ikarata ya Nijeriya

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rihamagarira Nijeriya kurekura abana baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi bafunzwe bagirizwa gukorana n’umugwi w’iterabwoba Boko Haram.

Mu cegeranyo Human Rights Watch ryasohoye ryemeje ko abo bana aho bafungiwe mu gisagara ca Maiduguri no mw’ikambi iri ahitwa Giwa babayeho nabi cane.

Human Rights Watch rinegura ko muri abo bana hari abamaze imyaka badashobora kubonana n’abo iwabo canke ngo bumvirizwe n’ubutungane. Jo Becker ajejwe ivy’agateka k’abana muri iryo shirahamwe ashimangira ko hambavu y’uko gufatwa nabi, abatari bake muri bo bakomerekeye mu bitero vya Boko Haram, ugufatwa nabi bikaza bisongera isibe.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku ruhande rwayo ryemeza ko hagati y’umwaka wa 2013 na 2019 muri rusangi abana bafunzwe bagirizwa gukorana n’imirwi irwana bagera ku 3.600 barimwo abakobwa 1.617.

Umwe mu bana 32 babajijwe na Human Rights Watch yavuze ko yafashwe ariko ahunga ibitero vya Boko Haram, uwundi nawe asigura ko yafashwe yagirizwa ko yadandaje ibiribwa ku barwanyi bo muri Boko Haram.

Human Rights Watch isigura ko naho hoba hari ivyemeza vy’uko abo bana bakoranye na Boko Haram ubutegetsi bwa Nijeriya bwabwirizwa kuburanisha abo bana bwisunze amategeko akingira umwana.

Ibitero vya Boko Haram muri Nijeriya bimaze guhitana abagera ku 27.000, vyangaza abagera ku miriyoni zibiri mu kiringo c’imyaka cumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG