Uko wahagera

Hissene Habre Yahoze Ari Perezida wa Chad Yahinduriwe Agasho


Hissene Habre Yahoze ari perezida wa Chad

Ubushikiranganji bujejwe ubutungane mu gihugu ca Senegal bwahaye Hissene Habre, yahoze ari umutegetsi atwaza agahotoro w’igihugu ca Chad, imisi 60 y’ugupfungirwa i muhira iwe kubera ikibazo c’ikiza c’umugera wa Corona mw’ibohero arimwo azomaramwo ubuzima bwiwe bwose.

Habre, afise imyaka 78 muri iki gihe, ashobora kwandura umugera wa Corona kubera igitigiri kinini c’abantu bahagaritswe bakajanwa mw’ibohero arimwo rya Cap Manuel ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Senegal, Malick Sall avuga ko Hissene Habre atarekuwe. Atangaza ko akiri mu munyororo, ko ikibanza c’ugupfungirwamwo arico cahindutse gusa. Yatangaje ashimitse ko ata kigongwe yagiriwe.

Hissene Habre azopfungirwa i muhira iwe ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar. Ntazoshobora kuhava gushika asubire mw’ibohero yahoramwo rya Cap Manuel.

Habre yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose mu mwaka w’i 2017 n’urwego rw’iyungururizo rujejwe ivyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu vyakozwe igihe yari ku butegetsi hagati y’umwaka w’i 1982 n’umwaka w’i 1990. Urwo rwego rusadanzwe rwashizweho n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG