Uko wahagera

HCR: Ibiharuro vy'Abahunga Vyariyongereye Gusumba uko Vyahoze


Zimwe mu mpunzi z'abarundi zahungiye muri Tanzaniya
Zimwe mu mpunzi z'abarundi zahungiye muri Tanzaniya

Amakungu kuri uno wa Mungu arahimbaza umunsi wahariwe impunzi. Ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, mu biharuro ryavyo ryerekanye ko uno mwaka impunzi zabaye nyinshi gusumba uko vyahoze muri kahise.

Abahunze ingwano, ugutotezwa, ugukubagurwa, ihonyanrwa ry’agateka ka zina muntu mu mwaka uheze bababa imiriyoni 82 n’ibihumbi 400. Biyongeyeko ibice bine ugereranije n’abari barahunze mu 2019: Baharurwa mu miriyoni 79 n’ibihumbi 500. HCR mu cegeranyo cayo yagize iti: “ Ikiza ca Covid-19 nticigeze kibuza abanyagihugu guhunga.”

Icegera c’uwutwara HCR yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ikibabaje gusumba ari uko ibice 48% vy’abahunze ari abana n’imiyabaga. HCR yasavye ishimitse ko umwe wese aho ari yoshigikira impunzi aho iri hose, bitari mu kuyironsa ikiyibeshaho gusa, ahubwo no mu gutorera inyishu ibibazo bituma bahunga.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika nawe Joe Biden nawe yashimagije ubutwari n’ukwihangana kw’amamiriyoni y’abateshejwe izabo n’ amabi atandukanye arimwo ingwano n’ugutotezwa. Mw’itangazo ryiwe, Biden yashimangiye ko Amerika na ntaryo izokwama ishigikira impunzi aho iri hose haba mu kuyiha ubuhungiro no kugerageza gutotera inyishu za kidiplomasiya ku bibazo bituma abatari bake bahunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG