Uko wahagera

HCR Ivuga Ko Abarundi Babandanya Guhunga


Ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi kw’isi ivuga ko Abarundi n’ubu bakibandanya guhunga igihugu cabibarutse. Iryo shirahamwe ryamenyesheje ko igisata c’aryo co mu Rwanda arico ubu gifise akazi kurusha ahandi kuko ariho hariko hahungira benshi.

Kuva uyu mwaka w’2018 utanguye, HCR rivuga ko ryakira n’imiburiburi Abarundi bahungira mu Rwanda bagera kuri 35 ku munsi umwe. Ico gitigiri ku bwa HCR giteye amakenga kuko kiruta ico ku mwaka uheze w’2017 aho ryakira n’imiburiburi abantu 21 ku munsi.

Ico gisata ca ONU citaho impunzi kivuga ko bose hamwe abakiriwe bakandikwa nk’impunzi z’Abarundi mu Rwanda kuva uyu mwaka utanguye bagera kuri 5,121.

Iryo shirahamwe rimenyesha mu cegeranyo caryo ko abenshi bahunga bava mu ntara ya Muyinga, hagakurikira Kirundo hanyuma igisagara ca Bujumbura.

HCR rivuga ko abenshi muri bo, abagera ku bice 66 ku ijana baca barungikwa mu makambi y’impunzi, abandi na bo bakakirwa mu bisagara bitandukanye.

Ahandi HCR rivuga ko hamaze guhungira Abarundi muri uyu mwaka ni muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo hakiriwe abarenga gato 2,850.

HCR rivuga ko no muri Tanzaniya hariho abahungiyeyo yamara ko muri ico gihugu habandanya kandi hava abahunguka basubira mu Burundi. No mu gihugu c’Ubuganda, HCR rivuga ko hariho abakiriwe ariko ku rugero ruto.

HCR ryerekana ko ubu rifise impunzi z’Abarundi zirenga 424,000. Igihugu gifise benshi ni Tanzaniya ahari abarenga 245,500, u Rwanda rwakiriye hafi 91,000, muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo hariyo abarenga 47,200 hamwe no mu Buganda hariyo Impunzi z’Abarundi zirenga 40,600.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ritera akamo ko rikeneye vyihuta imfashanyo zo kwitaho izo mpunzi. Riheruka gutangaza ko ku mahera arenga imiliyoni 391 y’Amadolari y’Amerika akenewe uyu mwaka, rimaze kuronka ibice 6 ku ijana gusa.

Reta y’Uburundi ntiyemera ivyo biharuro vya HCR, ikagiriza iryo shirahamwe ko ritanga ibiharuro bitari vyo, vyinshi kugira ryironkere imfashanyo.

Uburundi bwibaza igituma kuva ku mwaka uheze Abarundi babandanya guhunguka ariko ibitigiri vya HCR ntibigabanuke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG