Uko wahagera

Kurwanya Ibiturire no Gutahukana Impunzi mu Biraje Ishinga Perezida Ndayishimiye


Umukuru w’igihugu c’Uburundi yatanguje umwiherero w’abagize Reta mu ntara ya Ngozi uzomara iminsi itatu. Perezida Evariste Ndayishimiye yemeje ko ari umwanya wo gutunganya ivyo umwe wese ajejwe kugira abanyagihugu nabo batere imbere.

Kurwanya ibiturire ni ryo jambo nyamukuru Perezida ndayishimiye yashimikiyeho yugurura ico giterane. Yashikirije bikuru bikuru bigiye kwihwezwa muri uwo mwiherero nk’ibibazo nkoramutima hariho ivyo gutunganya ibisata vya Reta no gukorera mu runani mu bijanye n’ugutsimbataza intwaro ibireye.

Nk’uko vyashikirijwe na Perezida w’igihugu c’Uburundi kugira ivyo vyigwa bije mu ngiro hariho ibibazo nyamukuru bizotorerwa umuti kubera ari vyo abanyagihugu bashimikirako mu kubaza. Ivyo na vyo harimwo ikibazo co gutahukana Impunzi, ic’urwaruka rutagira akazi n’ibijanye n’ugukingira agateka ka muntu.

Yisunze ingingo ya 15 na 16 y’Ibwirizwa Shingiro Umukuru w’igihugu c'Uburundi yavuze ko Reta ifise ubutumwa bwo gukora ivyo Abarundi benshi bipfuza. Aha ashimikira ku kurwanya agatima k’amacakubiri kibonekeje muri kahise.

Uyo mwiherero warongowe n’Umukuru w’igihugu witabwe n'icegera c’umukuru w’igihugu, abagize ibiro vyacyo, umushikiranganji wa mbere n’abagize ibiro vyiwe, abashikiranganji batandukanye, abarongoye intara zigize Uburundi hamwe n’abajenamana biwe.

Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yongeye gutangura kuboneka mu mirimo itandukanye ku munsi wa gatandatu mu birori vy’ukwatira abapatiri mu Rugazi intara ya Bubanza. Ni inyuma yaho hashikirijwe inkuru ko uyo mutegetsi akomeye yari akitswe n’amagara.

Imwe mu masoko y’Ijwi ry’Amerika yemeje ko Bunyoni yari agwariye mu bitaro bimwe hagati mu gisagara ca Bujumbura quartier Rohero komine Mukaza n’aho itasiguye ico uyo mutegetsi yari agwaye. Umwiherero watanguye kuri uyu wa kabiri kw’igenekerezo rya 21 ukwezi kw’indwi 2020 ukazorangira ku munsi wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG