Uko wahagera

Gutabara Umwana Vyahesheje Ubwenegihugu Umwimukira


Perezida Macron na Mamoudou Gassama

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yemereye ubwenegihu Mamoudou Gassama, umwimukira w’imyaka 22 akomoka mu gihugu ca Mali yatabaye umwana w’imyaka ine kuri uno wa gatandatu agira akoroke ava mw’igirofa ya kane aho aba mu gisagara ca Paris. ​

Perezida Macron igihe yahura na Mamoudou yasiguye ko Ubufaransa butoshobora guha impapuro abimukira bose baza babugana, ariko ubutwari bwa Mamoudou ata wobwirengagiza. Macron yongeye agira ati:" Igisata kijejwe kuzimya imiriro no gutabara mu gisagara ca Paris citeguriye kumuha akazi."

​Abajijwe ingene yiyumviriye kuduga ava kw'igorofa ya mbere aja ku ya kane gutabara ako kana, Mamoudou yishuye ko aho yari yabonye abantu batamarira ingene uwo mwana agira agwe hasi, gutyo afata ingingo yo kumurokora. "Imana yaranfashije ndashobora kubikora." Ni muri ayo majambo yabivuzemwo.

Mamoudou Gassama yarokoye umwana
Mamoudou Gassama yarokoye umwana

Ubutungane bwo mu gisagara ca Paris bwatangaje ko umuvyeyi w’umwana yarokowe na Mamoudou afungishijwe icamaso aho ariko arabazwa ku vyaha vyo gufata minenerwe umutekano w’umwana mu kumusiga wenyene mu nzu.

Mamoudu Gassama w’imyaka 22 yinjiye nk’umwimukira aje kurondera ubuzima mu gihugu c’Ubufaransa mu kwezi kw’icenga umwaka 2009. Abaye umwimukira wa kabiri aturuka muri Mali aronkejwe ubwenegihugu ashimirwa ku butwari bwiwe inyuma ya Lassana Bathily, yabuhawe inyuma yo kurokora abantu mu gitero c'iterabwoba mu 2015 i Paris.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG