Uko wahagera

Gukoresha Ubuhinga bwo Guhanahana Amakuru kuri Facebook, Biratuma Abakoresha Facebook Banezerwa.


Gukoresha Ubuhinga bwo Guhanahana Amakuru kuri Facebook, Biratuma Abakoresha Facebook Banezerwa.
Gukoresha Ubuhinga bwo Guhanahana Amakuru kuri Facebook, Biratuma Abakoresha Facebook Banezerwa.

Ububaije abantu baba muri reta zunze ubumwe za amerika, nk’abanyeshule biga muri kaminuza George Mason University mu ntara ya Virginia, igitigiri c’abagenzi bafise kuri Facebook, inyishu batanga kenshi na kenshi zimeze nk’inyishu zikwirikira:

Ndakubwije ukuri, sindaharura abagenzi mfise, yamara bashobora kuba bari hagati ya 350 n’400.

Iyo ngiye kuri Facebook kuraba abagenzi, nama ndiko ndatangara umwanya wose ngira nti, mbega na naka ari ngaha, hamwe na naka.

Jewe ndaraba Facebook cane. Nsanga ndiko ndaraba Facebook umwana wose.

Abashakashatsi bo kuri kaminuza, Utah Valley University mu gisagara ca Orem, baratohoje kugira barabe umwanya abakunda gukoresha Facebook bamara bariko bararaba amasanamu hamwe n’ubutumwa vya bagenzi babo.

Barabajije abanyeshule 425 bari mu myaka ine ya mbere ya kaminuza, niba abandi bantu bafise ubuzima bwiza kubarusha. Barongeye barabaza abo banyeshule umwanya bamara baraba Facebook, hamwe n’amasaha bamara ku ndwi, bakwirikirana bagenzi babo kuri Faceboook..

Abo bashakashatsi, basanze abanyeshule bakoresha cane Facebook, bibaza kw’abandi bantu bafise ubuzima bwiza kubarusha kandi bafise umunezero uruta rwabo. Ivyo basanze arivyo cane cane mu banyeshule usanga bafise abantu batazi kuri Facebook zabo.

Umuhingana yanonosoye ukuntu abantu biyumvira, Todd Kashdan atohoza ivyerekeye umunezero hamwe n’ukubaho neza, muri kaminuza, George Mason University, yarasomye ivyatohojwe muri kaminuza yo mu ntara ya Utah, akaba agira ati:

Abo banyeshule bama bariko barumva ibintu vyiza hamwe n’ubuzima bwiza, abandi bantu bafise, bakabugereranya n’ubuzima bwabo, maze bagasanga bari hasi. Usanga bagira bati, ubuzima bwanje, ntabwo buryoshe nk’ubuzima bw’abandi mbona ku masanamu.

Umwanditsi yakoze icegeranyo c’ivyo, yatohoje muri Utah, avuga kw’ivyo yatohoje vyerekana ibintu bita “Correspondence Bias”, mu rurimi rw’icongereza, n’ukuvuga, igihe ugira iciyumviro ku bantu, bivuye ukuntu bifashe canke ukuntu bamaze, kandi mu buzima bwa misi yose, atariko bameze.

Ku vyerekeye abakoresha Facebook, umuntu arashobora kuvuga atihenze, kw’abagenzi bama bashira amafoto yabo meza kuri Facebook, kuko batigera bashirako amafoto mabi, aberekana batanezerewe.

Abahinga banonosoye ukuntu abantu biyumvira hamwe n’ukuntu abantu bigenza, bavuga ko Facebok hamwe n’ubundi buryo abantu basigaye bakoresha mu guhanahana amakuru, bishobora kuba vyorohereza abantu, kuguma bari kumwe n’abandi kw’isi hose, yamara aho, hari impanuro zitegerezwa gutangwa:

Ntuze wigere uta umwanya munini wishinga kuraba umunezero, abandi bantu bama barimwo. Ukwiye kwereka abagenzi bawe, ivyiza nawe wamamwo, hanyuma wongere umenye n’abagenzi bawe nyakuri, usanga bitaho ibintu bigushikira mu buzima.

Abahinga mu vyerekeye ukuntu abantu biyumvira hamwe n’ukuntu abantu bigenza, bavuga kw’abantu bakoresha Facebook, bashobora kwirinda gushikirwa n’ibintu vyatohojwe mu kaminuza ya Utah, mu gihe bokwitaho abagenzi babo nyakuri kuri Facebook, aho kwitaho abagenzi bo kuri Facebook bose, kenshi na kenshi, usanga batanazi neza.

XS
SM
MD
LG